Uko wahagera

Ubwato Open Arms Bumaze Imisi 17 mw'Ibahari n'Abimukira


Abimukira mu bwato hafi y'izinga rya Lampedusa, mu bumanuko bw'Ubutaliyano, Itariki 17/08/2019.
Abimukira mu bwato hafi y'izinga rya Lampedusa, mu bumanuko bw'Ubutaliyano, Itariki 17/08/2019.

Abimukira batari bake bari mu bwato butabara bwa Espanye bwitwa Open Arms bahisemwo gusimbira mw’ibahari Mediterane kuri uyu w’Imana inyuma y’aho ubwo bwato bwariko bugerageza kurondera ikivuko buturamwo.

Abo bimukira baciye batangura kwoga berekeza kw’izinga ry’Ubutaliyano rya Lampedusa. Abakozi b’ubwo bwato Open Arms nabo baciye bibira mu mazi barabaroba babagarukana mu bwato.

Ubwo bwato butwaye abimukira 107 buri ku nkengera y’izinga rya Lampedusa mu gihe umushikiranganji w’intwaro mu gihugu w’Ubutaliyano Matteo Salvini yanse kubureka ngo buture ku kivuko. Ubwato Open Arms bumaze imisi 17 mw’ibahari.

Igihugu ca Espanye caremereye ubwo bwato gushikira ku kivuko caco ca Algeciras hafi y’izinga rya Gibraltar, ariko ubwo bwato bwaranse buvuga ko urwo rugendo rwobatwara n’iburiburi imisi itandatu.

Haruhande y’ivyo, ubundi bwato bwitwa the Ocean Viking bw’abagiraneza b’Abafaransa Medecins Sans Frontieres na SOS Mediterranee buri mur’iyo bahari n’abimukira 356 bagwiriyemwo abanyesudani buriko burondera ikivuko gitekanye buturako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG