Uko wahagera

Abakenyezi Basaba Impinduka mw'Itunganywa ry'Amatongo muri Brezil


Abakenyezi mu rugendo rwitiriwe Margaridas, imbere y'inama nshingamateka, kuwa gatatu, itariki 14/08/2019
Abakenyezi mu rugendo rwitiriwe Margaridas, imbere y'inama nshingamateka, kuwa gatatu, itariki 14/08/2019

Abakenyezi ibihumbi n’ibihumbi muri Brezil barakoze urugendo ku murwa mukuru kuri uyu wa gatatu basaba gusubiramwo poritike y'amatongo kugira boroherwe mu kubaho kwabo.

Abo bakenyezi kandi muri izo ngendo bagiriza perezida Jair Bolsonaro amacakubiri no gushikiriza amajambo artyoza igitsina gore.

Ukugabanya amafaranga agenewe inyigisho mu gihugu vyatumye kandi abanyeshure hamwe n’abigisha baja mu mabarabara i Brasilia ku musi wa kabiri.

Bolsonaro kandi anegurwa n’amakungu kuri poritike yiwe yo kudakingira amashamba cimeza ya Amazon.

Urugendo rw’abakenyezi rw’ejo kuwa gatatu rwiswe urwa Margaridas, rutunganywa uko imyaka ine iheze. Rwitiriwe umukenyezi Margarida Maria Alves yaharanira agateka k’abakenyezi, yishwe mu mwaka w’1983.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG