Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, abaporisi bashika kuri batandatu bakomerekejwe kuri uyu wa gatatu hafi ya kaminuza yitwa Temple University mu gisagara ca Philadelphia.
Umukuru w’igiporisi mur’ico gisagara, Richard Ross yavuze ko abo baporisi bose uko ari batandatu batabangamiwe n’ivyo bikomere kandi ko bose bagiye kuba amahoro.
Abaporisi babiri muri bo bamaze amasaha arenga ane bagotewe mu nzu hamwe n’uwo muntu yabarashe, bashoboye gusohoka amahoro.
Igiporisi kivuga ko ayo masasu yatanguye igihe umuporisi yariko agerageza gutanga umutahe kuri iyo nzu uwo muntu yabarashe abako.
Gushika ubu uwo yarashe ntarishikana ku giporisi.
Facebook Forum