Uko wahagera

Ubushinwa: "Ibihugu vyo mu Burengero Birahungabanya Hong Kong"


Abigarabamvya ku kibuga c'ingede i Hong Kong Biyamiriza itegeko rya reta.
Abigarabamvya ku kibuga c'ingede i Hong Kong Biyamiriza itegeko rya reta.

Ubushinwa bwarankiye ubwato bubiri bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika kuja muri Hong Kong, nkuko vyashikirijwe ejo kuwa kabiri, inyuma y’aho ivyo bihugu biteraniye amajambo kubibera mur’ico gisagara, aho abanyagihugu bari mu myiyerekano basaba demokarasi.

Ubwato “ The USS Green Bay, bwategekanya guhagarara muri Hong Kong ku musi wa gatandatu, mu gihe ubundi bwato bw’Amerika butwara Missile, USS Lake Erie nabwo bwari bwabisavye ukwezi imbere nabwo burankirwa.

Ubushinwa bwagiriza ibihugu vyo mu burengero bw’isi ko ari vyo bihamagarira abanyagihugu muri Hong Kong kugarariza ubutegetsi, ariko nta vyemeza bihagije butanga.

Mu ntango z’uku kwezi, Ubushinwa bwasavye abadiplomate b’Amerika muri Hong Kong guhagarika kwivanga mu bibera mur’ico gisagara, inyuma y’amakuru yashikirijwe ko babonanye n’abo basaba demokarasi bari mu myiyerekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG