Uko wahagera

USA: Abimukira Bafashwa na Reta Bazokwimwa Ubwenegihugu


Uwatomboye Lottery Visa yo kuba muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.
Uwatomboye Lottery Visa yo kuba muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, reta ya perezida Donald Trump yaratangaje poritike nshasha ku musi wa mbere, yima green card hamwe n’ubwenegihugu abimukira batega amashi mu gufashwa na reta mu kwivuza, gufungura no guhabwa uburaro.

Ken Cuccinelli, umuyobozi w’imfatakibanza w’igisata c’Amerika kijejwe ubwenegihugu n’abimukira yatangaje ko abipfuza kuza canke kuguma muri Amerika bakwiye kuba bikwije kandi bashoboye kwifasha.

Ariko Cuccinelli ashikiriza ko porogaramu zo gufasha impunzi zahawe ubuhungiro, abahohotewe mu ngo zabo hamwe n’abahuye n’ibibazo vy’urudandazwa rw’abantu batazokorwako n’iyo ngingo.

Amashirahamwe aharanira agateka k’abimukira bariko bariyamiriza iryo tegeko. Urunani rwayo i New York, ruhurikiyemwo abanywanyi barenga 200, bavuga ko iryo tegeko ari urwanko kubava mu bindi bihugu, kandi bagiye kuzorirwanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG