Uko wahagera

Isirayeli n'Abanyepalestina Bakozanijeko mu Bihe vya Eid al-Adha


Umuporisi wa Isirayeli ahagarika umunyepalestina yari agiye gusenga ku musigiti wa al-Aqsa muri Yerusalemu, kuw'Imana, itariki 11/08/2019.

Abanyepalestina barenga cumi barakomeretse mu gutana mu mitwe kwabaye hagati y’igiporisi ca Isirayeli ku gisagara ceranda i Yerusalemu.

Ivyo vyabaye ejo ku musi w’Imana, ku musi wa mbere wa Eid al-Adha, umusi mukuru w’Abayisilamu w’ikimazi aho bahimbaza irangira ry’urugendo rwa Hajj.

Mu gihe ico kibanza categerezwa kwugarwa ku bayahudi mu misi mikuru w’abayisilamu, Isirayeli yaranse kucugara ku ngenzi z’abayahudi, bitera agashavu abanyepalestina, baca batana mu mitwe n’igiporisi.

Ico kibanza ceranda ku bayahudi n’abayisilamu camye kibamwo imigumuko muri kahise. Abategetsi ba Isirayeli bashikiriza ko bizeye ko kigiye gutekana mu misi itatu iyo misi mikuru y’abayisilamu izomara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG