Uko wahagera

Umuhari wa Reta ya Kiyisilamu Woba Ukiri Ikibazo muri Siriya na Iraki?


ISIS AFGHANISGTAN
ISIS AFGHANISGTAN

Icegeranyo c’Ubushikiranganji bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bwo kwivuna abansi kivuga ko umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu uriko urisuganya ngo wongere gushinga imizi muri Siriya na Iraki. Ibisa n’ibitero ubwoba muri ako akarere, aho amareta yaho arajwe ishinga no kubona uwo muhari ugiye akagirire.

Abarwanyi b’aba Kurdes bashigikiwe n’Amerika bafashe igasara ca Baghuz, ica nyuma cari gisigaye mu minwe y’umuhari wa reta ya kiyisilamu mu buseruko bwa Siriya, haraheze amezi, ariko ibisigarira vy’uwo muhari biracagaba ibitero mu bice vya Iraki na Siriya.

Umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Adel Abdul Mahdi aheruka gushikiriza ko Baghdad izobandanya kurwanya uwo muhari ifadikanije n’amakungu bicuditse.

Joshua Landis, arongoye igisata kijejwe ivyigwa mpuzamakungu n’uturere muri Kaminuza ya reta ya Oklahoma, avuga ko umuhari wa reta ya kiyisilamu ukiri ikibazo, naho amakungu avuga ko yawusenyuye. Avuga ko ivyiyumviro vyawo bikiri mu bagore hamwe n’imiryango y’abo barwanyi bashizwe mu makambi igihe uwo muhari watsindwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG