Uko wahagera

Mali: Ibitero vy'Abataramenyekana Vyahitanye Bane


Abasirikare bari ahabereye ibitero vy'abihevyi mu buraruko bwa Mali, Itariki 18/01/2017 i Gao.

Ibitero bibiri vyakozwe muri Mali vyahitanye ubuzima bw’abantu bane barimwo abasirikare babiri ba Mali, nkuko amakuru yavuye mu bajejwe umutekano yabishikirije ejo kuwa kabiri.

Nta muhari uratangaza ko ariwo uri inyuma y’ivyo bitero.

Ishirahamwe mpuzamakugu ritabara imbabare Croix Rouge ryaciye rihitamwo guhagarika ibikorwa i Timbuktu ku mvo z’umutekano muke wiyongera.

Naho ibisirikare vy’Ubufaransa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU biriko birafasha reta ya Mali, iyo reta biracayigoye guhagarika ubwicanyi bwatanguye mu buraruko bwa Mali mu mwaka w’2012.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG