Ibihugu bibiri vyo muri Amerika y’epfo biragabisha abanyagihugu bavyo kwiyubara gufata ingendo baja muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, inyuma y’ubwicanyi bwahitanye abantu 31 mu mpera z’indwi iheze.
Ubushikiranganji bwa Uruguay bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu bushikiriza ko abategetsi ba Amerika badashoboye guhagarika ubwicanyi kivunga.
Ubwo bushikiranganji nyene muri Venezuela buhanura abategura ingendo muri Amerika kuzisivya. Konsila y’Ubuyapani mu gisagara ca Detroit muri Michigan nayo igabisha abanyagihugu babo hamwe n’abaja muri Amerika gutembere ko bomenya ko ubwicanyi hakoreshejwe inkoho bushobora kuba ahariho hose muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.
Muri kahise, Ibihugu vy’Ubudagi, Nouvelle Zelande, Canada, Irlande, Ubushinwa n’izinga rya Bahamas navyo nyene vyaragabishije ababo bafata ingendo zigana muri Amerika.
Facebook Forum