Uko wahagera

Abantu Bane Baguye Mu Myigaragambyo Muri Sudani


Abigaragambya mu multi wa Khartoum muri Sudani
Abigaragambya mu multi wa Khartoum muri Sudani

Abantu bane bari mu myiyerekano mu gihugu ca Sudani barishwe, abandi batari bake barakomereka mu gisagara ca Omdurman. Barashwe n’inteko zijejwe umutekano nkuko bitangazwa n’abatavuga rumwe na Reta.

Abantu ibihumbi amajana n’amajana barihereje amabarabara kugira baremere abategetsi b’abasirikare barongoye Sudani muri iki gihe.

Basemereye amajambo yiyamiriza igisirikare mu kuvuga ko kidakingira abari mu myiyerekano.

Abateguye imyiyerekano muri Sudani bateye akamo k’uko abantu umuliyoni bagira imiyerekano mu bisagara vyose vyo mu gihugu mu kwishura kw’iyicwa ry’imikangara yariko igira imyiyerekano ahitwa El-Obeid mu bumanuko bushira uburengero bw’umurwa mukuru, Khartoum, mu ntango z’iyi ndwi.

Igihugu ca Sudani kimaze amezi atari make kiri mu ruhagarara rwa politike. Abagira imyiyerekano babandanije kugirisha amakoraniro kuva urwo ruhagarara rutanguye mu kwezi kwa kane kw’uyu mwaka.

Ubwicanyi bw’ejo ku musi wa kane bwabaye mu gihe abayoboye abatavuga rumwe na Reta ya Sudani batangaje ko habaye intambwe mu biganiro n’igisirikare ku masezerano yerekeye Reta nshasha inyuma yuko Prezida Omar al-Bashir akuwe ku butegetsi

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG