Uko wahagera

USA: Abakandida Ntibavuga Rumwe ku Gisata c'Amagara y'Abantu


Abakandida b'aba demokrate bashikirije imigambi yabo mu matora yo mu 2020, Detroit Michigan, itariki 30/07/2019
Abakandida b'aba demokrate bashikirije imigambi yabo mu matora yo mu 2020, Detroit Michigan, itariki 30/07/2019

Igisata c’amagara y’abantu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika nico cafashe umwanya munini hagati y’abakandida ba mbere cumi bo mu mugambwe w’abademokrate baharanira umwanya w’umukuru w’igihugu. Ni mu guhangana mu gushikiriza imigambi kwabereye mu gisagara ca Detroit, muri reta ya Michigan ejo kuwa kabiri.

Ba Senateri Elizabeth Warren na Bernie Sanders, baza imbere mu badashigikiye uko ivyo kwivuza bitunganijwe muri Amerika, bashigikiye ko amakompanyi ya Asurance y’abikorera utwabo asubirizwa na assurance ya reta, abanyagihugu bakavugwa ku buntu, imiti ikagabanwa ibiciro nkuko biri mu bindi bihugu bikize ariko badatunze cane nka Amerika.

Uko guhangana kwa mbere hagati y’umugwi wa mbere w’abakandida cumi kwagarutse no kuri poritike zibatandukanya zijanye n’izo mu gihugu hagati na mpuzamakungu, ariko umwe wese yashikirije ko ariwe mu kandida nyawe azoshobora gutsinda Donald trump mu matora yo mu 2020.

Uwundi mugwi w’abakandida cumi uharana kuri uyu wa gatatu.

Abandida 20 b’Abademokrate nibo bipfuza gutwara Amerika. Muri uku guharana mu gushikirza imigambi, hazovamwo umwe azohangana na Donald Trump mu myiyamamazo y’ayo matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG