Uko wahagera

Libiya Ikomeje Gushakisha Abantu Barohamye Muri Mediterani


Abimukira batabawe mu mpanuka y’ubwato barimwo mw’ibahari mediterane.
Abimukira batabawe mu mpanuka y’ubwato barimwo mw’ibahari mediterane.

Abajejwe kugenzura imbibe zo mu mazi y’igihugu ca Libiya mu kiyaga mediterane baratoye ibizuga vy’abantu batari bake bapfiriye muri iyo bahari.

Igikorwa c’ukurondera abari mu bwato bwarimwo abimukira bwagize isanganya mw’ibahari mediterane cabandanije uno wa gatanu.

Abategetsi b’igihugu ca Libiya bimuye abimukira batari bake batabawe muri iyo mpanuka y’ubwato barimwo mw’ibahari mediterane. Bimuriwe mu kibanza c’ukubapfungiramwo kiri hafi y’umurwa mukuru, Tripoli.

Ico kibanza caragizweko igitero c’indege z’ingwano mu ntango z’uku kwezi. Ivyo naho ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryarwanije ingingo y’ukwimurira abo bimukira muri ico kibanza.

Abimukira bagera ku 350 bari mu bwato bwazimiye ku musi wa kane mu mazi y’ibahari mediterane hafi y’igisagara ca Khoms kiri ku nkengera z’iyo bahari. Ico gisagara kiri hafi y’ibilometero 120 mu buseruko bw’umurwa mukuru wa Libiya, Tripoli.

Abimukira bari mu bwato bwagize isanganya mw’ibahari mediterane barimwo abava mu bihugu vya Eritreya, Misiri, Sudani na Libiya.

Abategetsi b’igihugu ca Libiya bavuga ko abantu barenga 130 batabawe kuva ku musi wa kane.

Ishami ry’ishirahamwe ONU ryitaho impunzi, HCR, rimenyesha ko abimukira 164 bapfuye bariko barondera kuja mu karere k’i Bulaya bavuye muri Libiya kuva mu ntango z’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG