Uko wahagera

Abimukira Barenga 150 Baburiwe Irengero muri Mediterane


Umurwi w'abimukira barokowe mu bwato ku nkengera za Libiya, 19/01/2019.

Abimukira barenga 150 baraburiwe irengero inyuma y’aho ubwato barimwo bwibira ku nkengera z’amazi ya Libiya ku musi wa kane. Ubu ni ubwato buhitanye abantu benshi muri Mediterane uyu mwaka.

Abashika 147 barenga barashoboye gutabarwa n’abarovyi hamwe n’abasirikare ba Libiya bacungera amazi, nkuko vyashikirijwe na HCR.

Ubwo bwato bw’imbaho bwari mu nzira bugana i Burayi, igihe bwibira hafi y’igisagara Al-Khums, mu buseruko bw’umurwa mukuru Tripoli.

Abantu bashika 65 barapfuye mw’isanganya nk’iryo mu kwezi kwa gatanu, igihe bwibira ku nkengera za Tuniziya.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG