Uko wahagera

Umuyobozi wa Mogadicio Yakomerekejwe n'Igitero c'Umwiyahuzi


Abdirahman Omar Osman ni we muyobozi w'igisagara ca Mogacio

Umugore w’umwiyahuzi yakoreshejwe mu gitero cihaye inkumbi c’umurwi al-Shabab mu biro vy’umukuru w’igisagara ca Mogadicio.

Igitigiri c’abapfuye muri ico gitero cabaye ku musi wa gatatu cashitse ku bantu 7. Umukuru w’igisagara ca Mogadisho, Abdirahman Omar Osman, yarakomeretse bikomeye. Ntiyari bwasubire gutora ubwenge uno musi ku wa kane. Vyari vyitezwe ko we n’abandi bategetsi bajanywa n’indege muri Qatar kuvurwa.

Umuvugizi w’umurwi al-Shabab, Abdiaziz Abu Musab, yavuze ko intumwa idasanzwe nshasha y’ishirahamwe ONU muri Somaliya, James Swan ari we yaronderwa mu gitero co ku musi wa gatatu. Yari avuye mu biro vy’umukuru w’igisagara ca Mogadisho iminuta mikeyi imbere yaho.

Intumwa idasanzwe nshasha ya ONU muri Somaliya, James Swan, yari yagendeye mu kanya gatoyi umukuru w’ico gisagara, Abdirahman Omar Osman. Yavuye mu biro vyiwe musi y’isaha imbere y’uko igitero ca bombe kihabera.

Uwo mugore w’umwihevyi yagize igitero co ku musi wa gatatu avurwa ko yinjiriye ku bari mu nama yerekeye umutekano mu biro vy’umukuru w’igisagara ca Mogadisho. Yaciye yituritsa na bombe ari hafi y’umukuru w’ico gisagara. Ni ubugira kane umurwi al-Shabab ukoresha umugore mu gitero c’abihevyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG