Uko wahagera

Abasivile 20 Bahitanywe n'Ibitero vy'Indege muri Siriya


Abatabara muri Siriya n'abasivile bafasha ababomokeweko n'amazu mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya, itariki 19/07/2019.
Abatabara muri Siriya n'abasivile bafasha ababomokeweko n'amazu mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya, itariki 19/07/2019.

Ibitero vya reta ya Siriya n’Uburusiya vyahitanye abantu 20 barimwo abana batanu ku musi wa gatatu mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya.

Reta ya Siriya n’Uburusiya bari mw’isekeza ry’ibitero mu ntara ya Idlib kuva mu kwezi kwa kane, n’aho hari amasezerano mpuzamakungu agamije gukinga isesagurika ry’amaraso muri ako karere kabamwo imiliyoni zitatu z’abanyagihugu.

Abanyagihugu bashika 730 baramaze kwicwa n’ibitero vy’indege hamwe n’ivyo ku butaka bikorwa na reta ya Damas hamwe na soma mbike wabo Uburusiya mur’ico kiringo nyene.

Ku musi wa mbere, ibindi bitero vy’indege vyishe abasivile bashika 50 mu ntara ya Idlib, nkuko vyashikirijwe n’ishirahamwe ryo muri Siriya riharanira agateka ka muntu, ariko Uburusiya bwashikirije ko ata ruhara bwabigizemwo.

Intambara muri Siriya imaze guhitana abantu 370,000, ikura mu ngo zabo abaharurwa mu mamiliyoni kuva itangura mu mwaka wa 2011.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG