Uko wahagera

Ibitero vy'Indege Vyahitanye Abantu 50 muri Siriya


Abanyesirika bakomerekejwe n'indege z'Uburusiya, AFP
Abanyesirika bakomerekejwe n'indege z'Uburusiya, AFP

Ibitero vy’indege za gisirikare za Siriya n’Uburusiya vyishe abanyagihugu 50 bari mw’isoko mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu muri Siriya.

Iryo shirahamwe rimenyesha ko indege z’Uburusiya zakoze ico gitero mu gisagara ca Maaret al-Numan, ariko Moscou yahakanye ko atavyo yakoze, nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi.

Abandi bantu barenga 100 barakomeretse, kandi benshi baracari mu bihomoke vy’amazu, nkuko bishikirizwa n’iryo shirahamwe.

Intara ya Idlib igenzurwa n’umuhari w’abayisilamu b’intagondwa, ibamwo abantu bashika imiliyoni zitatu, imaze igihe igabwamwo ibitero n’ubutegetsi bwa Siriya n’Uburusiya kuva mu kwezi kwa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG