Uko wahagera

Sudani: Abagerageje Kandi Gutembagaza Ubutegetsi Bafashwe


Abagize akanama ka gisirikare karongoye Sudani bashikiriza ijambo ku murwa mukuru Khartoum.
Abagize akanama ka gisirikare karongoye Sudani bashikiriza ijambo ku murwa mukuru Khartoum.

Igisirikare muri Sudani catangaje ko cafashe umukuru w’ibiro vya gisirikare hamwe n’izindi ntwazangabo bari mu mugambi wo kugerageza gutembagaza ubutegetsi.

Mw’ijambo ryashikirijwe ku musi wa gatatu, igisirikare kivuga ko cahagaritse Jenerali Hashem Abdel-Muttalib Babakr, umukuru w’ibiro vya gisirikare, hamwe n’abandi basirikare bakuru barenga cumi.

Amakuru yashikirijwe n’ikinyamakuru ca reta SUNA avuga ko bamwe mu bakozi b’iperereza, umutekano hamwe n’abo mu mugambwe “Movement and the National Congress Party" bari mu bari muri uyo mugambi.

Bubaye ubugira kabiri habaye umugambi wo kugerageza gusenyura ubutegetsi muri uku kwezi. Mu ntango z’uku kwezi, akanama ka gisirikare karongoye igihugu kashikirije ko hafashwe abasirikare 16 barimwo abakiri ku mirimo n’abakukurutse bashatse gutembagaza ubutegetsi kw’itariki 11 z’ukwezi kwa ndwi.

Jenerali Babakr yari yagenwe muri ayo mabanga haheze imisi mike igisirikare gikuye ku butegetsi Omar al-Bashir mu kwezi kwa kane.

Uku kugerageza gutembagaza ubutegetsi kuba mu gihe akanama ka gisirikare kari ku butegetsi kari mu biganiro n’abaserukira abari mu myiyerekano kugira bashinge reta ihurikiyemwo bose.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG