Uko wahagera

Mueller: Amatohoza Ntiyigeze Yeza Perezida Trump


Umushikirizamanza adasanzwe Robert Mueller abazwa n'abashingamateka, Washington, Itariki 24/07/2019
Umushikirizamanza adasanzwe Robert Mueller abazwa n'abashingamateka, Washington, Itariki 24/07/2019

Robert Mueller yahoze ari umushikirizamanza adasanzwe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yabwiye Inama nshingamateka ya Amerika uno musi ku wa gatatu ko itohoza ku vyerekeye ukwivanga kw’Uburusiya mu matora ya perezida yabaye muri Amerika mu mwaka w’i 2016 atakuye kuri Prezida Donald Trump ivyo avurwa ko yaburijemwo ubutungane mu kugerageza guhagarika itohoza ryariko rikorwa kuriwe. Ivyo naho Prezida Trump avuga ko itohoza rya Robert Mueller yabimukuyeko.

Yamara Mueller yatangaje ko atashobora kwagiriza ivyaha Trump kubera imigambi imaze igihe y’ubushikiranganji bujejwe ubutungane ibuza kwegeka ivyaha ku mu perezida ari mu mabanga yiwe.

Mueller mu nyuma yaho yishuye “ego” ku vyuko niba yoshobora kwagiriza ivyaha Trump inyuma yuko yoba yarangije amabanga yiwe ya perezida.

Yatangaje ko hatari ivyemezo bihagije vy’ukwagiriza Prezida Trump canke abandi bari bajejwe igikorwa ciwe c’ukwiyamamariza kuba prezida mu mwaka w’i 2016 ko bakoranye n’Uburusiya mu ntumbero y’ugufasha Trump gutsinda amatora yo mu mwaka w’i 2016.

Robert Mueller yishuye “ego” canke “oya” ku bibazo bitari bike mu kuvuga ko yagumye ku vyo yashitseko mu cegeranyo kirekire yashikirije inyuma y’itohoza ryiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG