Uko wahagera

Uburayi Busaba ko Abimukira Batosubira Gufungirwa muri Libiya


Abimukira bavuga ko bahunze intambara, ubukene hamwe n'ubwicanyi, bafungiwe muri Lbiya
Abimukira bavuga ko bahunze intambara, ubukene hamwe n'ubwicanyi, bafungiwe muri Lbiya

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, cita ku mpunzi HCR hamwe n’icita ku bimukira, OIM vyarashimye ingingo yafashwe n’ibihugu vya Buraya yo guhagarika ifungwa ry’impunzi n’abimukira muri Libiya.

Mu nama yabereye i Paris mu Bufaransa, abashikiranganji bw’intwaro mu gihugu hamwe n’ab’imigenderanire n’ayandi makungu baremeye kandi guhagarika ko abandi bantu basiga ubuzima mw’ibahari Mediterane.

Iyo nama y’abashikiranganji yakoranye kubw’igitero ca bombe cabereye i Tajoura kw’itariki ya 5 y’ukwezi kwa ndwi ahari hafungiwe abimukira mu micungararo y’umurwa mukuru Tripoli. Ico gitero c’indege cahitanye abantu 53 n’abandi barenga 130 bakomeretse.

HCR ishikiriza ko impunzi n’abimukira muri Libiya bafashwe nabi, bahohoterwa kandi bari ku manga y’urupfu. Umuvugizi wa HCR, Charlie Yaxley avuga ko ata n’umwe akwiye gusubizwa mw’ibohero muri Libiya inyuma yo gufatwa canke gutabarwa muri Mediterane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG