Uko wahagera

Trump: Amerika Yiteze Ikibi Gituruka muri Irani


Perezida wa Amerika Donald Trump mu biro White House, i Washington, itariki 22/07/2019.
Perezida wa Amerika Donald Trump mu biro White House, i Washington, itariki 22/07/2019.

Reta zunze ubumwe z’Amerika na Irani vyarongeye guterana amajambo, mu gihe uruhagarara rwa gisirikare hagati ya Irani n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi rwiyongereye ejo kuwa mbere.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yabwiye abamenyeshamakuru ko Washington yiteguriye ikibi gituruka muri Irani, kandi ko Irani arico gihugu ca mbere kw’isi gikora iterabwoba. Yabivuze ari kumwe na perezida wa Pakistani Imran Khan mu rugendo arimwo muri Amerika.

Ivyo perezida w’Amerika yabishikirije inyuma y’amasaha make Irani ishikirije ko yafashe abapererezi b’Amerika 17 kandi bamwe muri bo baciriwe urwo gupfa.

Itangazo ryashikirijwe n’umushikiranganji wa Irani ajejwe iperereza ryavuze ko abo bapererezi bafashwe mu mwaka uheze kandi bariko baratororokanya amabanga ku bibanza bihambaye, nk’ivya gisirikare na Nikleyeli bayaha ikigo CIA kijejwe iperereza hanze y’Amerika.

Yaba Trump hamwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire Mike Pompeo bahakanye ivyo bagirizwa na Irani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG