Uko wahagera

Urwaruka Ruragabishwa i Kinshasa


Abaporisi bahangana n'abigaragamvya i Kinshasa, itariki 24/06/2019.
Abaporisi bahangana n'abigaragamvya i Kinshasa, itariki 24/06/2019.

Abategetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo barahagaritse imyiyerekano ya politike itegekanijwe mur’iyi ndwi ku murwa mukuru Kinshasa kuko abanywanyi ba perezida Felix Tshisekedi hamwe n’abo uwahoze ayoboye ibihugu Joseph Kabila bashobora gutana mu mitwe, nkuko vyashikirijwe n’igiporisi ejo kuw’Imana.

Urwo ruhagarara ku murwa mukuru rwatanguye igihe urwaruka rwegamiye umugambwe UDPS wa Tshisekedi rutangarije ko rushobora kugira imyiyerekano yiyamiriza ukwitoza k’uwahoze ari umushikiranganji w’ubutungane mu kibanza c’umukuru wa sena.

Abo ku ruhande rwa Kabila nabo bavuze ko bashobora gukora nabo imyiyerekano yo gushigikira kandidatire ya Alexis Thambwe, azwi na benshi ko ari soma mbike na Kabila.

Umukuru w’igiporisi i Kinshasa Sylvano Kasongo yashikirije ko iyo myiyerekano ya poritike ihagaritswe mur’iyi ndwi.

Amezi atandatu araheze Felix Tshisekedi atowe kuba umukuru w’igihugu kandi ukwezi kurenga kuraheze hagenwe umushikiranganji wa mbere Ilunga Ilunkamba, abanyeporitike ntibarashobora kwumvikana ku bazoja muri reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG