Papa Fransisiko yarahagaritse mu bikorwa vyo gushikiriza inkuka y’imisa umunyamerika yahoze ari umwepiskopi, yagirijwe ivyaha bishingiye ku gitsina no gutunganya nabi ubutunzi, nkuko vyashikirijwe n’ikinyamakuru ca Vaticani candika ku rubuga rwa Internet ejo kuw’Imana.
Iyo ngingo ije ikurikira ibindi bihano Papa yafatiye uwo mwepiskopi Michael Bransfield, nkuko bishikirizwa na diyoseze ya Wheeling-Charleston, muri reta ya Virginia yo mu burengero, muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.
Bransfield yarabujijwe kandi kuba mur’iyo diyoseze yongera asabwa gushumbusha ivyo yononye, nkuko amakuru ava mur’iyo diyoseze abivuga.
Bransfield yatanze imihoho mu 2018 gato agikwiza imyaka 75 y’amavuko, inyuma y’aho yagirijwe ivyaha bishingiye ku gitsina yakoze ku bakuze.
Facebook Forum