Uko wahagera

Abaharanira Itangazamakuru Ntibavuga Rumwe na Reta y'Uburundi


BBC
BBC

Abaharanira ubwigenge bw’umwuga wo kumenyeshamakuru ntibavuga rumwe na reta y’Uburundi, inyuma y’aho n’aho habaye utwigoro, ikinyamakuru c’Abongereza BBC cahisemwo kwugara burundu ibiro vyaco mu Burundi.

Abategetsi b’Uburundi barahagaritse kandi ivy’agateganyo Ijwi ry’Amerika gukorera mu Burundi kuva mu kwezi kwa gatatu, bongera baragabisha Radiyo RFI y’Abafaransa.

Ernest Sagaga, ajejwe ivy’agateka ka muntu n’umutekano mu runani mpuzamakungu rw’abamenyeshamakuru, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko BBC yasanze Uburundi ata bushake bwo kwubahiriza ubwigenge bwo kumenyeshamakuru ifise.

Reta y’Uburundi ntaco yavuze, ibajijwe n’Ijwi ry’Amerika kugira ico ivuze ku ngingo ya BBC yo gukura meza mu Burundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG