Uko wahagera

Afrika y'epfo: Abantu Batandukanye Basezeye Umuririmvyi Johnny Clegg


Umuririmvyi Johnny Clegg
Umuririmvyi Johnny Clegg

Abantu batandukanye barungitse butumwa bw’ugusezera umuririmvyi rurangiranwa Johnny Clegg yarwanije intwaro kadyanishamiryango yo mu gihugu ca Afrika y’epfo, yitavye imana ku musi wa kabiri. Yari afise imyaka 66. Abanyapolitike, abaririmvyi n’abagenzi ba Johnny Clegg batari bake bamuhayagije kuba yarahuje abanyagihugu bari biciyemwo ibice mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa yatangaje ko Johnny Clegg yabereye akarorero keza abatari bake, agahuza abanya Afrika y’epfo yabasezeye.

Johnny Clegg, yavukiye mu gihugu c’Ubwongereza, yasukiranije uburyo bw’ukuririmba bw’ikizulu hamwe n’uburyo bw’ukuririmba bwo mu burengero bw’isi. Ni mu gihe yagarariza amategeko yo mu gihe ca apartheid yatandukanya abanyagihugu.

Johnny Clegg yarize ururimi rw’ikizulu n’imico y’abazulu hamwe n’uburyo bw’ugutamba bwabo.

Intwaro kadyanishamiryango ya apartheid yaraziririje indirimbo ziwe mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Imwe mu ndirimbo zamenyekanye cane yitwa, “Asimbonanga”. Yayicuraranze mu rurimi rw’ikizulu. Iyo ndirimbo yasohotse mu mwaka w’i 1987. Hari inyuma yuko Reta kadyanishamiryango ya apartheid ishizeho amategeko yo mu bihe bidasanzwe mu gihugu.

Iyo ndirimbo yahayagiza Neslon Mandela, igihe yari akiri mu munyororo. Yahindutse indirimbo y’urugamba rw’ukurwanya apartheid.

Inyuma yuko ahanganye mu kiringo c’imyaka 4 na cancer ya pancreas, Johnny Clegg yitavye Imana ku musi wa kabiri akikujwe n’umuryango wiwe mu gisagara ca Johannesburg.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG