Uko wahagera

Abantu 10 Bari mu Bwato Baranyurujwe mu Kigobe ca Guinea


Abasirikare ba Nijeriya bakoreshwa imyiyerekano n'Abanyamerika mu gucungera amato y'ibitoro mu kigobe ca Guinea. Itariki 13/02/2010.
Abasirikare ba Nijeriya bakoreshwa imyiyerekano n'Abanyamerika mu gucungera amato y'ibitoro mu kigobe ca Guinea. Itariki 13/02/2010.

Abantu bataramenyekana barateye ubwato bwa Turukiya butwara ibidandazwa ku nkengera za Nijeriya banyuruza abakozi babwo 10.

Kompanyi Kadioglu Denizcilik yo muri Turukiya ubwo bwato bwegukira yashikirije ko bwari buvuye muri Kameruni bwerekeza muri Kote d’Ivuware igihe bwaterwa bushitse mu kigobe ca Guinea.

Abandi bakozi umunani babwo bagumye muri bwo, gushika ubu buri ku kivuko muri Ghana.

Amakuru atangwa n’iyo kompanyi avuga ko atawakomeretse canke ngo yicwe. Utwigoro two kubohoza abo 10 ari bazima turacabandanya nkuko babandanya bashikiriza.

Icegeranyo casohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu rigenzura uruja n’uruza mu mazi kivuga ko ikigobe ca Guinea ari ho hambere kw’isi habera ubusuma bw’amato, kandi ariyo nzira iteye ubwoba kw’isi ku ngendo zo mu mazi, aho 73 kw’ijana vy’abanyuruzwa kw’isi nzima bibera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG