Uko wahagera

Ubufaransa Burasugerejwe kuri Misile Zabwo Zatowe muri Libiya


Umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Jean-Yves Le Drian
Umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Jean-Yves Le Drian

Reta ya Libiya yemewe n’amakungu ejo kuwa kane yasavye inyishu zihuta inyuma y’aho Ubufaransa bwemereye ko Misile z’Abafaransa zatowe mu kambi y’abasirikare ba Khalifa Haftar i Tripoli barwanya reta ari izabo.

Umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu wa Libiya Mohamad Tahar Siala, yasavye mugenzi we w’Ubufaransa Jean-Yves Le Drian gusigura mu maguru masha ingene izo misile zashikiriye abasirikare ba Haftar, igihe hamwe n’ingene zatanzwe.

Umushikiranganji w’Ubufaransa wo kwivuna abansi yaremeye ku musi wa kabiri abicishije mu kinyamakuru candikira hano muri Amerika “The New York Times” ko izo misile zatowe mu kambi yo mu bumanuko bwa Tripoli.

mu kwezi kwa kane zari iz’Ubufaransa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG