Aba Ambasaderi ba ONU barenga 20 bararungikiye urwandiko akanama ka ONU kajejwe ivy’agateka ka zina muntu i Geneve, barega Ubushinwa ku nyifato yabwo yo gucinyiza ubwoko bw’inkehwa bw’aba Uighurs hamwe n’abayisilamu mu ntara ya Xinjiang.
Abo ba diplomate baserukira ibihugu birenga 22 bigizwe ku bwinshi n’ibihugu vya Bulaya nibo bateye umukono kuri iryo kete. Reta zunze ubumwe z’Amerika ntirarusinyako.
Basaba Ubushinwa guhagarika gufunga inkehwa no gutanga umwidegemvyo mu mihana yabo.
Abo baserukira ibihugu vyabo muri ONU bashimye kugaragaza amakenga yabo mw’ikete, mu gishingo c’integuro y’itegeko ya ONU yari kuburizwamwo n’Ubushinwa kubw’igihagararo cabwo mu nama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi.
Ubushinwa ariko burahakana ivyo vyagiriji.
Facebook Forum