Uko wahagera

Impunzi Zahunze Republika ya Centrafrika Ntiziteguye Gutahuka


Impunzi zahunze Republika zirindiriye guhabwa ibifungurwa mu kambi yo mu gisagara ca Garoua-Boulai, mu buseruko bwa Kameruni. Itariki 13/03/2014.

Reta ya Kameruni ivuga ko igice gito c’impunzi 285.000 zo muri Republika ya Centrafrika nibo bemeye gutahuka mu gihugu cabo, naho amasezerano yo mu kwezi kwa kabiri hamwe n’amezi atari make y’ibiganiro hagati ya Kameruni na HCR, izo mpunzi zari zavuze ko umutekano udakwiye kugira batahuke iwabo.

Republika ya Centrafrika yinyiye mu bwicanyi kuva mu 2013 igihe abayisilamu barwanya reta bo mu muhari Seleka birukaniye ku butegetsi uwahoze ari perezida Francois Bozize, ivyaciye bituma imihari y’abakristu ihaguruka kubarwanya.

Impunzi 6,000 gusa nizo zemeye gutahuka. Abanka gutaha benshi bashikiriza impungene z’ubwicanyi mu bice bimwe bimwe vy’ico gihugu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishikiriza ko impunzi zirenga 600,000 zamuka muri Republika ya Centrafrika zikiri mu bihugu bibanyi mu gihe abarenga 650,000 bahunze ingo zabo hagati mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG