Uko wahagera

Cholera Imaze Kwica 705 muri Yemeni Uyu Mwaka


Abagore bafashwe na Cholera bariko baravurwa ku bitaro vya Al-Sabeen mu gisagara Sanaa, muri Yemeni, Itariki 30/03/2019.
Abagore bafashwe na Cholera bariko baravurwa ku bitaro vya Al-Sabeen mu gisagara Sanaa, muri Yemeni, Itariki 30/03/2019.

Ikiza ca Cholera muri Yemeni kirabandanya ciha inkumbi mu gihe uburyo bw’amafaranga bwo gufasha kuyirwanya bwabuze, nkuko bishikirizwa na ONU.

Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yashikirije ejo kuwa mbere ko abantu barenga 460,000 bakekwa kuba barafashwe hamwe na 705 bamaze gupfa kugeza aho umwaka ugeze ubu.

Haruhande y’ico kiza ca Cholera, abanya Yemeni bahanzwe n’ubukene, inzara, hamwe n’ibitero vy’indege z’urunani mpuzamakungu rurongowe na Arabiya Sawudite mu rugamba n’abarobeli bo mu bwoko bw’aba Houti.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG