Uko wahagera

Trump Yirinze Politike mu Birori vyo Guhimbaza Ukwikukira


Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, ashikiriza ijambo ku musi wo kwibuka imyaka 243 Amerika yikukiye, Washington, DC, itariki 04/07/2019
Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, ashikiriza ijambo ku musi wo kwibuka imyaka 243 Amerika yikukiye, Washington, DC, itariki 04/07/2019

Perezida Donald Trump yararongoye i Washington ejo kuwa kane ku mugoroba ico yise "ibirori vy’ubuzima" mu guhimbaza imyaka 243 Amerika imaze ironse intahe yo kwikukira.

Yasiguye kahise k’Amerika nk’ihanga rikomeye ry’abantu bitanze bataravye ivyobashikira, baharanira ico bazi ko ari ukuri ".

Ivyo birori vyaranzwe n’ikarashishi ry’indege z’intambara hamwe n’ibiduga vya gisirikare, aho integuro yavyo, ishobora kuba yatwaye amamiliyoni y’amadolari.

Trump na Melania Trump barorera ikarashishi y'indege za gisirikare
Trump na Melania Trump barorera ikarashishi y'indege za gisirikare

Mu gihe abandi ba perezida bamutanguriye baguma ku kirimba bakaraba Abanyamerika bariko bahimbaza uwo musi mukuru ukwabo, Trump we yahisemwo kwifatira mu minwe ivyo birori.

Hari ubwoba ko Trump yari guhindura uyo musi wo kwikukira imyiyamamazo ya politike, mu kuvuga ivyo amaze kurangura nka perezida. Ariko nta jambo rya politike yacishijemwo, haba ivy'amatora yo mu mwaka uza canke abakandida b’abademokrate batipfuza ko azobandanya gutwara. Trump yaririnze kuvuga icocanishamwo abanyamerika.

Trump yarashimiye ibisata vyose vy’igisirikare c’Amerika kandi asaba abanyamerika bakiri bato guhurumbira umwuga w’igisirikare.

Italiki ya kane y’ukwezi kw’indwi buri mwaka abanyamerika bibuka igihe bikurako ubukoloni bw'Ubwongereza mu 1776.

Ivyo birori vyari vyatewe iteka n’umutambukanyi wa perezida Melania Trump, icegera ca parezida Mike Pence n’umutambukanyi wiwe hamwe n’abategetsi ba gisirikare batari bake.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG