Uko wahagera

Igitero c'Indege Cishe Abimukira bashika 40 Hafi ya Tripoli


Ikarata ya Tripoli

Abantu bashika 40 bagizwe ku bwinshi n’abimukira barishwe abandi 80 barakomereka mu gitero c’indege cakozwe ku kigo bapfungiwemwo hafi ya Tripoli ku murwa mukuru wa Libiya ku mugoroba wo ku musi wa kabiri, nkuko biriko birashikirizwa n’ibimenyeshamakuru.

Umutegetsi mu bushikiranganji bw’intwaro mu gihugu hagati muri Libiya avuga ko igitigiri c’abapfuye kirenze icatangajwe ariko abatabara bari ku kivi baraba ko hari abo borokorera ubuzima.

Abantu bashika 200 bivugwa ko aribo bari muri ico kigo muri distrikte ya Tajoura hanze ya Tripoli.

Abagavye ico gitero ntibaramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG