Uko wahagera

Abapfuye mu Gitero kw'Ikambi ya Gisirikare muri Nijeri Ntibazwi


Abasirikare ba Nijeri bivuna inyuma yo guterwa bari mu myimenyerezo hafi ya Burkina Faso

Abantu bitwaje ibirwanisho ejo kuwa mbere baraturikije bombe yar’itezwe mu modokari ku kambi y’abasirikare ba Nijeri mu gisagara ca Inates hafi y’urubibe na Mali, nkuko amakuru ava mu gisirikare avuga.

Muri ako karere niho hari ikambi ikomeye y’igisirikare ca Nijeri, ninaho habera imyimenyerezo y’abasirikare baja gufasha inteko za ONU zagiye kubungabunga amahoro muri Mali.

Mu ntango z’ukwezi guheze, abarwanyi 18 b’umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu barishwe mu bikorwa vya gisirikare vyakozwe n’abasirikare b’Amerika bafadikanije n’Abafaransa na Nijeri muri ako karere nyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG