Uko wahagera

Venezuela: Hoba Hari Umugambi wo Kwica Perezida Maduro?


Nicolas Maduro
Nicolas Maduro

Reta ya gisosiyaliste ya Venezuela yatangaje ejo kuwa gatatu ko yaburijemwo abagerageje coup d’etat, yagiriza ibihugu vya Reta zunze ubumwe z’Amerika, Colombia na Chili gukorana n’intwazangabo z’abasirikare kugira bagandagure Perezida Nicolas Maduro no gushiraho umujenerali mu kibanza ciwe, ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji muri Venezuela nkuko bishikirizwa n’itororkanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Umushikiranganji wo kumenyeshamakuru, Jorge Rodriguez yavuze ko uwo mugambi warimwo intwazangabo za gisirikare zikiri mu mirimo hamwe n’abakukurutse mu gisirikare, kandi wategerezwa gukorwa hagati y’umusi w’Imana n’uwa mbere.

Uwo mugambi awagiriza kandi umukuru w’igihugu ca Colombia Ivan Duque afatanije n’uwa Chili Sebastian Pinera hamwe n’umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, John Bolton.

Abategetsi ba Venezuela bavuze ko mu ntango z’uku kwezi hari abantu 17 bahanwe bashatse gutembagaza ubutegetsi kw’itariki 30 z’ukwezi kwa kane igihe uwutavugarumwe n’ubutegetsi Juan Guaido ananiriwe kwigarurira abasirikare ngo bagumuke biyamirize Maduro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG