Uko wahagera

Igihugu ca Etiyopiya Kiri mu Cunamo


Abantu ibihumbi n’ibihumbi batonze ku mabarabara yo mu bisagara bibiri bikomeye vyo mu buraruko bw’igihugu ca Etiyopiya uno musi ku wa gatatu. Hari mu ntumbero y’ukwunamira abategetsi bishwe muri "coup d’etat" yageragejwe muri ako karere.

Abahinga mu kurasa bari hejuru y’amazu yo ku murwa mukuru w’intara ya Amhara Bahir Dar. Abajejwe umutekano bari muri ico gisagara kwerekana inguvu imisi ine inyuma y’iyicwa ry’abategetsi muri iyo ntara mu bigeramiye bikomeye umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed mu gikorwa ciwe c’uguhindura ibintu mu gihugu.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi barakoraniye ku cibutso kiri ku murwa mukuru w’intara ya Tigray, Mekele. Iyo ntara ni yo umukuru w’igisirikare ca Etiyopiya, Seare Mekonnen yarashwe n’uwujejwe gucunga umutekano wiwe ku misi wa gatandatu w’indwi iheze aturukamwo.

Reta ya Etiyopiya yagirije Asamnew Tsige, yigeze kuba ari umutegetsi mukuru ajejwe umutekano mu ntara y'Amhara kuba ari we ari inyuma y’igitero cahitanye ubuzima bw’umukuru w’iyo ntara, Ambachew Mekonnen n’abandi bategetsi 2 ku murwa mukuru wayo, Bahir Dar. Yishywe ari hamwe n’umuhanuzi wiwe mukuru n’uwundi musirikare mukuru ku murwa mukuru wa Etiyopiya, Addis Abeba.

Reta ivuga ko Asamnew Tsige yishwe n’inteko zijejwe umutekano ku musi wa mbere yagirijwe ko yagerageje kwigarurira intara ya Amhara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG