Uko wahagera

Uwujejwe Ubutunzi bwa ISIS muri Yemeni Yarafashwe n'Igisirikare


Al-Mokha, Yemen
Al-Mokha, Yemen

Inteko zidasanzwe za Arabiya Sawudite na Yemeni zarafashe umugabo zivuga ko ari we mukuru w’umuhari wa reta ya kiyisilamu, ishami ryo muri Yemeni.

Abu Osama Al-Muhajir yafashwe kw’itariki 3 y’ukwezi kwa gatandatu, umuvugizi w’urunani mpuzamakungu rwa gisirikare rurongowe na Arabiya sawudite yabishikirije ejo kuwa kabiri. Col. Turki al-Maliki yavuze ko uwo mugabo yari umukuru ajejwe ibijanye n’amafaranga kandi ko n’abandi batatu bakekwa bafatiwe mur’ivyo bikorwa vya gisirikare.

Al-Maliki ntiyavuze ariko aho abo bagabo bafungiwe n’impamvu ugufatwa kwabo gutangajwe haheze indwi zirenga zitatu bafashwe.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG