Umukandida w’umugambwe uri ku butegetsi muri Mauritania Mohammed Ould Ghazouani yaratahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu, nkuko vyashikirijwe n’umukuru wa komisiyo y’amatora ku musi w’Imana.
Kandida w’umugambwe UPR yahoze kandi ari umushikiraanganji wo kwivuna abansi, Ghazouani, w’imyaka 62, yaronse amajwi 51.1 kw’ijana nkuko vyashikirijwe n’iyo komisiyo.
Perezida Mohamed Ould Abdel Aziz agiye gushikiriza ubutegetsi, mu gihe ibiringo bibiri vy’imyaka itanu yemerewe vyarangiye. Amatora yo ku musi wa gatandatu yabonywe nk’amatora ya mbere ya demokarasi agiye gutuma haba kubisikanya ku butegetsi mu mahoro.
Kandida Ghazouani Yatsindiye Amatora muri Mauritaniya

Facebook Forum