Uko wahagera

Umuyobozi wa HCR Aranegura Inyifato y'Amakungu ku Mpunzi


Umuyobozi wa ONU Filippo Grandi ashikiriza ijambo ku musi mukuru wahariwe impunzi muri Amman, Yorodaniya, Itariki 20/06/2019.
Umuyobozi wa ONU Filippo Grandi ashikiriza ijambo ku musi mukuru wahariwe impunzi muri Amman, Yorodaniya, Itariki 20/06/2019.

Umukuru w’ishami rya ONU ryita ku mpunzi, HCR, Filippo Grandi yashikirije kuri uyu wa kane ko kubona hari impunzi zakuwe mu vyabo zirenga imiliyoni 70 kw’isi nzima ari ukunanirwa kw’amakungu kandi agasaba gukorera hamwe kugira batore inyishu z’ico kibazo. Grandi yavyiganiye Ijwi ry’Amerika aho yari i Amman muri Yorodaniya aho yagiye kwifatanya n’abandi mu kwibuka umusi mpuzamakungu wahariwe impunzi.

HCR yashikirije mu ndwi iheze ko imiliyoni 70 z’abantu bahunze ibihugu vyabo mu mwaka uheze canke bahungira hagati mu bihugu vyabo bahunze intambara, ubwicanyi, ihungabanwa ry’agateka kabo, canke ihamwa.

Benshi mur’izo mpunzi zavuye mu bihugu bitanu ari vyo Siriya, Afuganistani, Sudani y’ubumanuko, Myanmar na Somaliya.

Mu gihe ibihugu vya Bulaya na Reta zunze ubumwe z’Amerika ata bushake bifise vyo kwakira impunzi, Grandi yavuze ko ahangayikishijwe nuko iyo nyifato iri mu bihugu vyitwa ko bitunze.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG