Uko wahagera

Espanye Yafashe Abanyesiriya 10 Bafashisha Amafaranga al-Qaida


Imyotsi inyuma y'aho bombe zitewe na kajugujugu ku birindiro vy'abasirikare ba reta ya Siriya, Idlib, Siriya itariki 19/09/2013.
Imyotsi inyuma y'aho bombe zitewe na kajugujugu ku birindiro vy'abasirikare ba reta ya Siriya, Idlib, Siriya itariki 19/09/2013.

Igiporisi muri Espagne cashikirije ejo kuwa kabiri ko cahagaritse abanyesiriya 10 cagiriza gufashisha mu buryo bw’amafaranga abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba al-Qaida muri Siriya.

Bafatiwe mu mikwabu igiporisi cakoze mu bisagara vya Madrid, Toledo na Valencia.

Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati wa Espagne yashikirije ko ako kagwi kari kamaze imyaka kiheka kw’ishirahamwe ryemewe n’amategeko mu kurungika amahera atari make gufasha abarobeli bo mu ntara ya Idlib muri Siriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG