Uko wahagera

Perezida Mohammed Morsi Yaphiriye muri Sentare


iyi foto yafashwe itariki 8/5/2014 yerekana uwahoze ari perezida Mohammed Morsi muri sentare y'igiporisi i Cairo, Misiri.
iyi foto yafashwe itariki 8/5/2014 yerekana uwahoze ari perezida Mohammed Morsi muri sentare y'igiporisi i Cairo, Misiri.

Mohamed Morsi, yahoze ari perezida wa Misiri, kandi yabaye n'uwa mbere yarongoye igihugu biciye muri demokarasi, mu nyuma yirukanwa ku butegetsi, yaguye hafi aca arasandaba ari muri sentare.

Abategetsi bavuze ko uwo mugabo w’imyaka 67 yatemvye ejo kuwa mbere igihe yari ahejeje kwiregura muri sentare i Cairo ku vyaha vyo gusuma urusaku yagirizwa. Bavuze ko Morsi yavuze iminota itanu gusa muri urwo rubanza, haciye umwanya muto aca arwa hasi.

Televiziyo y’igihugu yashikirije ko Morsi yaciye atwarwa kwa muganga, ariko ntaco bashoboye gukiza.

Morsi, yirukanywe ku butegetsi mu 2013 n’igisirikare ca Misiri inyuma y’imyiyerekano yitabwe n’isinzi ry’abanyagihugu biyamiriza ubutegetsi bwiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG