Uko wahagera

Venezuela: Abimukira 30 Boba Barapfiriye mu Mazi


Abimukira ba Venezuela
Abimukira ba Venezuela

Abimukira b’abanyavenezuela bashika kuri 30 barabuzwe irengero, inyuma y’aho ubwato barimwo bwibiriye mu mazi buriko bugana mw’izinga rya Curacao, nkuko vyashikirijwe n’umushingamateka muri Venezuela ejo kuwa kabiri.

Ubwo bwato bwahagurutse kuwa gatanu buva mu buraruko bushira uburengero butwaye abantu bari hagati ya 30 na 35, nkuko umushingamateka Luis Stefanelli yavyiganiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP, ku makuru avuga ko yahawe n’imiryango yabo.

Bubaye ubwato bwa gatatu butwaye abimukira bo muri Venezuela bwibiye kuva mu kwezi guheze, aho abantu 80 gushika ubu batazwi irengero.

Igihugu ca Venezuela kiri mu bihe vy’ubutunzi bwasubiye inyuma mu myaka itanu iheze, aho abanyagihugu batagira ivya nkenerwa bisanzwe nk’infungurwa n’imiti.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG