Uko wahagera

Ubutaliyano ku Ngingo Ruhasha ku Bimukira


Umwimukira ava mu bwato butabara ku kivuko ca Catalina mu Butaliyano, itariki 31/01/2019

Reta y’Ubutaliyano yipfuza ko ubwato bwinjiza mu mazi yabwo abimukira butahawe uruhusha bukatirwa amande hamwe n’ibindi bihano ruhasha birimwo kubwambura benebwo.

Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu akaba n’icegera c’umushikiranganji wa mbere, Matteo Salvini yatangaje iyo nteguro y’iryo tegeko ejo kuwa kabiri mu nama nshingamateka vyitezwe ko ifise amahirwe menshi yo kuryemeza.

Iryo tegeko mu gihe ryokwemezwa, ryoha uburenganzira Ubutaliyano kwikora ku bakozi bihisha mu banyagihugu kugira basume urusaku mu ntumbero yo gusambura imigwi y’abinjiza abimukira no kwumviriza ibiganiro vyabo.

Amazinga hamwe n’ibivuko vy’Ubutaliyano vyamye ariryo shikiro rya mbere ry’abimukira bava muri Afrika y’uburaruko baciye mw'ibahari Meditarane bagerageza kwinjira ku mugabane wa Buraya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG