Uko wahagera

Barankitse: Sindota Mpeba Kuvuga Ibitagenda Neza mu Burund


please wait

No media source currently available

0:00 0:09:43 0:00
Bamwe mu banywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, n’amashirahamwe yegereye ubutegetsi muri ico gihugu kuri uno wa gatandatu bazindukiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ibinyamakuru vyo mu Bufaransa RFI, TV5 na Journal le Monde.

Amaradiyo y’Abafaransa yiyamirijwe inyuma y’ikiganiro aheruka guha umupfasoni Marguerite Barankitse aramutswa ikigo Maison Shalom. Ni ikiganiro abegereye ubutegetsi bavuga ko cari gihengamye.

Marguerite Barankitse mu kiganiro yahaye Ijwi ry'Amerika aho ari mu gisagara ca Ottawa muri Canada kuronswa agashimwe n'inama nshingamateka y'ico gihugu yavuze ko iyo myiyerekano ata nguvu ishobora kumuca. Umupfasoni Barankitse yashimangiye ko atimirije guhora ibitagenda neza mu Burundi, yongera avuga ko ivyo yavugiye mu kiganiro n'ivyo binyamakuru vyo mu Bufaransa ari ukuri kandi abihagazeko.
XS
SM
MD
LG