Uko wahagera

USA: Abashingamateka Basaba Kuzitira Abivanga mu Matora


Abanyagihugu bo ku murwa mukuru washington DC, mu matora.
Abanyagihugu bo ku murwa mukuru washington DC, mu matora.

Umwe mu bashingamateka mu mugambwe w’abarepublikani wo mu murwi ujejwe ibibazo vy’ubutungane, asaba ko hatangurwa kwumviriza abashobora kuba bazi ivyoba biriko birakorwa n’Uburusiya mu gushaka guhungabanya amatora yo mu 2020.

Umurepublikani Doug Collins aserukira reta ya Georgia mu nama nshingamateka, yabisavye mu rwandiko yashikirije umukuru w’uwo murwi, Jerrold Nadler ejo kuwa kabiri.

Collins yibutsa ko amatohoza yakozwe n’umushingwamanza adasanzwe Robert Mueller yerekanye ko amatora yo muri Amerika akibangamiwe n’abanyamahanga bafise intumbero yo kuyahungabanya.

Inama nshingamateka yarumvirije abatari bake ku kwivanga kw’Uburusiya mu matora, ariko abashingamateka ntibahengeshanya gusaba ko hari ibindi vyokorwa mu ntumbero yo kuzitira ntihagire icongera kuba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG