Uko wahagera

Uburusiya Bwarakuye Abasirikare muri Venezuela


Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin (iburyo) aramukanya na mugenzi we Nicolas Maduro i Moscou mu kwezi kwa 12/05/2018.
Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin (iburyo) aramukanya na mugenzi we Nicolas Maduro i Moscou mu kwezi kwa 12/05/2018.

Uburusiya bwamenyesheje Reta zunze ubumwe z’Amerika ko bwakuye abasirikare babwo benshi muri Venezuela. Vyashikirijwe na perezida w’Amerika Donald Trump kuri uyu wa mbere.

Igisirikare c’Uburusiya cariko kiramenyereza abasirikare ba Venezuela caragabanije abasirikare baco mur’ico gihugu kuva ku 1000 mu myaka mike iheze, ubu hasigaye abaharurwa mu macumi, nkuko vyashikirijwe n’ikimenyeshamakuru candikira muri Amerika, The Wall Street Journal ku makuru kivuga ko cakuye mu bategetsi ba gisirikare.

Ico kinyamakuru kivuga ko Uburusiya bwakuyeyo abasirikare kuko reta ya Maduro ifise ibibazo vy’amafaranga yo kubariha ibikorwa bakoze.

Perezida Trump, mu rugendo rw’akazi mu Bwongereza, yabitangaje abicishije ku rubuga rwa Twitter.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG