Uko wahagera

Sudani: Igisirikare Gitangaza Amatora mu Mezi Icenda


Abari mu myiyerekano muri Sudani bazibira ibarabara basaba ko ubutegetsi bwa Gisirikare buhabwa abasivile i Khartoum, Sudani, ukwezi kwa gatandatu, itariki 3, 2019.
Abari mu myiyerekano muri Sudani bazibira ibarabara basaba ko ubutegetsi bwa Gisirikare buhabwa abasivile i Khartoum, Sudani, ukwezi kwa gatandatu, itariki 3, 2019.

Umutegetsi wa gisirikare arongoye igihugu muri Sudani, Abdel Fattah al-Burhan yashikirije mu gatondo ka kare kuri uyu wa kabiri ko yafashe ingingo yo guhagarika ivyo bumvikanyeko n’abaserukiye abari mu myiyerekano vyo gushinga reta mfatakibanza, yemeza ko hagiye gutunganywa amatora mu mezi icenda.

Iyi ngingo ifashwe inyuma y’aho igisirikare gisamburiye ku nguvu ibigwi vy’abari mu myiyerekano hanze y’ibiro vya gisirikare i Khartoum ejo kuwa mbere, hasiga ubuzima abantu barenga 30 abandi amajana barakomereka.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yaraneguye ikoreshwa ry’inguvu zirenze z’abasirikare, agasaba ko amatohoza yigenga akorwa ku vyabaye.

Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi gategekanya gukorana mu mwiherero kuri uyu wa kabiri kur’ico kibazo ca Sudani, bisabwe n’Ubwongereza hamwe n’Ubudagi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG