Uko wahagera

Ibitero 3 vy'Iterabwoba Vyaraburijwemwo muri Nijeri


Abasirikare ba Nijeri i Niamey mu bikorwa vyo gukizura.
Abasirikare ba Nijeri i Niamey mu bikorwa vyo gukizura.

Abajejwe umutekano muri Nijeri baratesheje ibitero bitatu mu mpera z’indwi irangiye ku murwa mukuru Niamey hamwe no mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igisagara Diffa; ibi vyashikirijwe na reta ejo kuwa mbere.

Abantu batanu barimwo abakora iterabwoba babiri batamenyekanye bafatiwe ku kibuga c’indege mpuzamakungu i Niamey ku musi wa gatandatu, nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi.

Ku musi w’Imana, ibindi bitero bibiri vyarateshejwe mu karere k’igisagara ca Diffa, nkuko bishikirizwa n’uwo mushikiranganji. Diffa, ni igisagara kibamwo abanyagihugu bashika ku bihumbi 200, casinzikajwe n’ibitero vy’iterabwoba vya Boko Haram bava mu bice bigaruriye mu buraruko bwa Nijeriya mu karere k’ikiyaga Chad.

Ambasade z’ibihugu vya Burala vyari vyaragabishije ku musi wa gatandatu ku bitero bishoboka gukorwa mur’ico gihugu co mu karere ka Sahel.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG