Uko wahagera

ONU Yagumijeho Ibihano kuri Sudani y'Ubumanuko


Inama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano ishashe, i New York, USA.
Inama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano ishashe, i New York, USA.

Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi yongereje uwundi mwaka w’ibihano kuri Sudani yo mu bumanuko, harimwo no kutagura ibirwanisho, ariko nta gihugu na kimwe co ku mugabane wa Afrika gishashe muri ako kanama cashigikiye iyo ngingo.

Ivyo bihano vyatanguye gufatirwa Sudani y’ubumanuko mu mwaka uheze, igihe ubwicanyi bushingiye kuri politike bwanatumye, haba uguhunga kw’abanyagihugu hamwe n’ubukene bw’ibifungurwa.

Bitanu mu bihugu 15 bishashe muri ako kanama vyaranse kwemeza iyo ngingo, navyo ni Uburusiya, Ubushinwa, Cote d’Ivoire, Guinee Equatorial na Afrika y’epfo, ariko iyo ngingo yaruhiye kwemezwa kuko yari ikeneye amajwi icenda kugira yemezwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG