Uko wahagera

Umunyamerika Yari Afungiwe muri Turukiya Yarekuwe


Serkan Gölge
Serkan Gölge

Igihugu ca Turukiya ejo kuwa gatatu carabohoye mu buryo butari bwitezwe, umunyamerika afise n’ubwenegihugu bwa Turukiya yahoze ari umushakashatsi mu kigo NASA c’ibigendajuru, inyuma y’imyaka itatu yari apfunzwe yagirizwa iterabwoba.

Serkan Golge yarekuwe haheze amasaha make perezida Donald Trump avuganye na perezida wa Turkiya Recep Tayyip Erdogan.

Igiporisi ca Turukiya cahagaritse Golge mu kwezi kw’indwi 2016 mw’isekeza ryo guhagarika uwo wese akekwa kuba yari ku ruhande rw’umunyedini Fethullah Gulen yahungiye muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, yagirizwa na Turukiya kuba yashatse gutembagaza ubutegetsi.

Uwundi munyamerika, Pasitori Andrew Brunson, yafashwe yagirizwa gushigikira Gulan. Yagiye kurekurwa mu kwezi kw’icumi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG