Uko wahagera

N'Iki Canduje SIDA Abashika 700 muri Afuganistani?


Umurwi w’abahinga bava muri Reta zunze ubumwe z’Amerika no mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS bashitse muri Pakistani ejo kuwa kabiri gufasha guhangana n’ikiza ca SIDA cihaye indaro muri distrikte yo mu bumanuko, aho abarenga 700, bagizwe cane n’abana basuzumwe ko barwaye uyo mugera mu kwezi guheze.

Abarenga 80 kw’ijana banduye bagizwe n’abana bari munsi y’imyaka 15 y’amavuko, nkuko bishikirizwa na dogiteri Maria Elena G Filio Borromeo, ayoboye igisata ca ONU kirwanya Sida muri Pakistani na Afuganistani.

Borromeo avuga ko boba banduye uyo mugera hakoreshejwe inshinge zanduye canke boba batewe amaraso yanduye.

Uwo mutegetsi avuga ko amatohoza ku nyanduruko yayo akenewe, kandi abo bahinga bagizwe n’abanyamerika hamwe n’abo muri OMS biri muvyabajanye.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG