Uko wahagera

Iraki Yaciriye Urwo Gupfa Abafaransa Biyunze n'Iterabwoba


Abarwanyi bafatiwe mu gisagara ca Mosul barindiriye kujanwa muri Iraki, itariki 18/07/2018
Abarwanyi bafatiwe mu gisagara ca Mosul barindiriye kujanwa muri Iraki, itariki 18/07/2018

Sentare muri Iraki yaraciriye urubanza rwo gupfa umufaransa yagirizwa kuba yarifatanije n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu.

Mustafa Mohammed Ibrahim, w’imyaka 37, yamuka mu gisagara ca Nice, ku musi wa mbere yabaye umufaranga agira kane aciriwe urwo gupfa muri Iraki.

Ku musi w’Imana, abandi bagabo batatu b’abafaransa, baraciriwe urwo gupfa. Bari mu bafaransa 12 bafatiwe muri Siriya baca barungikwa gufungirwa muri Iraki mu kwezi kwa kabiri.

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Wright watch hamwe n’iyindi mihari iharanira agateka ka muntu baranegura izo manza zo kwica.

Amnesty International ivuga ko mu kwezi kwa kane, Igihugu ca Iraki cagumijwe mu bihugu bitanu vya mbere kw’isi vyica abantu babanyonze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG